Escolar Documentos
Profissional Documentos
Cultura Documentos
ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
" ’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21) Igiciro 60 fr
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
19/12/2010 Idominika ya kane y’ubushikiro – Umwaka A °51/2010
Imana igirango ize, none tuzoyisanganira gute?
Hasigaye iminsi itandatu yonyene ngo akanyamuneza ka NOELI
kadusage. Ndafise umugenzi akunda cane iyi sanamu mubona, ha-
mwe na ya majambo dusanga mu gitabo c’ivyahishuwe, aho Imana
ivuga iti: Raba, mpagaze ku rugi nuguruza; hagize uwumva ijwi
ryanje akugurura urugi, nzokwinjira iwe, ngo nfungure, anyegere
nanje ndamwegere (Ivyah. 3,20). Akanyamuneza ka Noeli gashingi-
ye ku buryo Imana itwegereye, idukunda. Imana, si wa wundi bita
“Muvyeyi oeli (Père oël)"azanwa no gutanga ibintu. Kuri Noeli,
duhimbaza Imana yigize umuntu ngo itugabire ubuzima n’ubuhirwe
bwayo. Imana mu kwitanga yigize nka twebwe; gurtyo ivyacu vyaci-
tse ivyiwe. Uwukomerekeje umuntu aba akomerekeje Imana. Mu
kwigira umuntu yatugize abana bayo. Umusi mukuru wa Noeli ntuhe-
rera mu kurya ibiryoshe no kwambara impuzu z’agaciro gusa, canke
kugira ingendo zo kwinezereza ku kiyaga... Noheli, n’umusi w’ugute-
ga amatwi Imana ikubwira mu gacerere iti: avuye mw’ijuru ngo
mbane nawe, ngo uremeshwe n’igishika ngufitiye. Mur’iyi minsi
itandatu dusigaje imbere ya Noeli, ni twitegurire guha ikaze Imana,
tuzoyisanganire tuti: “ karibu, shika iwanje urisanze“. Tuzirikane mu
Nkuru nziza ingene Imana yaje mu bantu. Dushime iteka Bikira
Mariya yatewe mu kwibungenga Imana mu mbanyi yiwe ariko agaca
bugufi, akagira urugendo rwa kure agamburukira Herodi. Dusabe Bikira Mariya ngo natwe aduhe guca bugufi,
aduhe n’umutima w’urukundo rw’igishika nk’urya yari afise. Twitegurane igishika n’urukundo rwinshi mu
kwirega neza; dutakambire Yezu tuti: “ Mukama Yezu, nturabe ububegito bwanje; n’umpe kugaya akabi kanje,
hanyuma untyororere umutima mw’isakramentu ry’Ikigongwe
ry’Ikigongwe;
kigongwe; niho uzoronk
zoronka
ronka ikibanza ciza muri jewe. Ko umuzo
wawe ar’uwo kuduhuriza mu bubumwe, n’udufashe
n’udufashe kugendera
kugendera ubumwe, maze tuzoshikire umusi mukuru wa Noeli
turangwa n’ubwo bumwe bukomoka iwawe. N’udufashe ngo ku musi ku musi dufate dufate akanya
akanya ko kuzirikana uko
woshima gusanga twak
twakwiteguriye
witeguriye ku musi wa Noeli.
Noeli.
Ikiganiro c’amatara. Kw’idoninika ya kane y’ubushikiro, mw’isengero bama
batsa amatara ane. Umusi umwe rero, ayo matara yatanguye kuganira gurtya: Itara rya
mbere: Jewe ndi itara ry’amahoro. Iyo hari amacakubiri n’inzigo, urubeya rwanje nti-
rwaka. Narihebuye itara ryanje rica rirazima. Itara rya kabiri: Jewe ndi itara ry’ukwe-
mera. Ariko abantu benshi ntibanezwe ivyo ukwemera. Ntibarondera Imana. Barondera
amafranga kuruta Imana. Nanje narihebuye, itara ry’ukwemera rica rirazima. Itara rya
gatatu: Jewe ndi itara ry’urukundo. Si nkigira inguvu zo kwatsa urubeya rwanje.
Benshi ni ba nyamwigendako. Ntibazi kuraba abandi bagowe, kandi babana hafi na ha-
fi. Ntibazi akanyamuneza gatangwa n’urukundo. None ko batanshaka hinge nanje nizi-
mire. Haca haza umwana avuga ati: Emwe mwa matara mwe, ko mujejwe kumurikira
abantu mukaba mwarazimye, ni kubera iki? Erega mutegerezwa kwaka gushika ku
muhero w’isi. Itara rya kane rica ryishura uwo mwana riti: Ntugire ubwoba, ko jewe
Mizero ngifise urubeya, ndashobora kwaka. Tugifise umwizero, vyose birashobora
kuronka umuco. Tuzigame umwizero kugira ngo amahoro, ukwemera n’urukundo bisayangane mu bantu.
Twumvirize iryo Imana ituyagira se, ngo bamuyoboke bamwemere. a mwebwe
IDOMINIKA YA KANE Y’UBUSHIKIRO -A mwahamagawe na Yezu Kristu, muri abo twatu-
mweko. one mwese batoni b'Imana muri i Roma,
IGISOMWA CA MBERE: Iz. 7, 10-14
mwebwe mwahamagariwe kuba beranda, mbipfuri-
Umwigeme azokwibungenga
je urukundo n'amahoro y'Imana, ariyo Dawe wa
Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi lzaya twese, n'Umukama Yezu Kristu.
Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira
INKURU NZIZA. Mt 1,18-24 Yezu azokwibarukwa na
Akazi ati « Saba Umukama Imana yawe akurungi-
Mariya, umukunzi wa Yozefu wo mu muryango wa
kire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke he-
Dawudi
juru mu kirere. » Akazi amwishura ati « Haba na-
mba, sinoshobora kugerageza Umukama. » iho Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditse Matayo
Izaya yavuga ati «Tega amatwi, muryango wa Da- g'ivyo ivy'ivuka rya Yezu Kristu uko vyagenze.
wudi, ntimurarambirwa n'ukuruhisha abantu, none Mariya, nyina wiwe, yari yasabwe na Yozefu; ariko
mushaka kuruhisha Imana yanje. Umukama rero imbere y'uko babana, yari yasamye imbanyi kubwa
we nyene ubwiwe niwe azobihera ikimenyetso U- Mutima Mweranda. Uyo mugabo
mwigeme aribungenze azokwibaruka umwana wiwe Yozefu yari umuntu w'ingi-
w'umuhungu, amwite Emanueli. » ngo, kandi ntiyashaka kumwara-
raza; niko kwigisha inama y'uku-
IGISOMWA CA KABIRI: Rm 1, 1-7
muheba mu mpisho. Amaze ku-
Yezu Kristu yavutse mu muryango wa Dawudi, akaba
vyiyumvira, intumwa y'Umuka-
ariwe Mwana w'Imana
ma iramubonekera ari mu ndoto,
Ivyo dusoma mw'ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye imubwira iti: «Yo-zefu, mwene
Abaromani : Dawudi, ntutinye kubana na Mariya, umukenyezi
Jewe Paulo, umusuku wa Yezu Kristu, naratorewe wawe, iyo mbanyi afise yamutse kuri Mutima Mwe-
ubutumwa, nsobanurwa mu bandi ngo menyeshe randa ; azokwibaruka umwana w'umuhungu, izina
Inkuru nziza y'Imana. Iyo kuru nziza, nkuko aba- uzomwita ni Yezu, kuko ariwe azokiza ibicumuro
hanuzi babitubwiye kuva na kera mu Bitabu Vyera- igihugu ciwe. » Ivyo vyose vyabaye ngo ijambo
nda, Imana yarayitwemereye. Iyo kuru nziza ye- ry'Umukama ryari ryavuzwe n'umuhanuzi ritahe,
rekeye Umwana wayo yavutse mu muryango wa ngo : « Umwigeme azosama imbanyi ayibarukemwo
Dawudi kubw'umubiri, hanyuma arimikwa aba umuhungu, bazomwita Emanueli, n'ukuvuga Imana
Umwana w'Imana ku bubasha bwa Mutima w'u- turi kumwe. » Yikanguye, Yozefu akora ico Umu-
bweranda kubera izuka ryiwe mu bapfuye. iwe malayika w'Umukama yari yamutegetse, ajana iwe
Yezu Kristu Umukama wacu, We yaduteye iteka umukenyezi wiwe.
akadutuma kwigisha, kw'izina ryiwe, abapagani bo-
«Umukama rero we nyene ubwi- Umukama wacu ». Noheli buca duhimbaza? Ni igiko-
we niwe azobihera ikimenyetso rwa c'ikigongwe c'Imana yacu! Mariya yari yasabwe na
umwigeme aribungenze, azokwi- Yozefu ariko imbere y'uko babana yari yasamye imba-
baruka umwana w'umuhungu, nyi kubwa Mutima Mweranda. Igihe Yozefu yibaza ko
amwite Emanueli ». Iminsi isigave umugambi wiwe ubaye impfagusa kuko Mariya yibu-
ngo duhimbaze umusi mukuru wa ngenze atabimuharurako, niho Imana yamuhishuka mu
Noheli tuyiharurira ku ntoke ! Ba- ndoto umugambi wayo : «Yozefu mwene Dawudi, ntu-
mwe banwe bobo batanguye kuru- tinye kubana na Mariya umukenyezi wawe : iyo mba-
ngikira udukarata tw'ivyifuzo vyi-za incuti n'abagenzi nyi afise yamutse kuri Mutima Mweranda ; azokwi-
.Umwigeme aribungenze ! Uwo mwigeme ni Mariya baruka umwana w'umuhungu, izina uzomwita ni Yezu
mwene Yohakimu na Ana. Imana yaramugomwe kuko ariwe azokiza ibicumuro igihugu ciwe ». Imana
iramutera iteka ryo gusangira nawe igi-korwa ceranda yo nyene niyo yahindukije ukundi umugambi wa Yo-
co kudukiza. Umuhanuzi Izaya yari ya-rabuye iryo teka zefu nawe aca aba Bashirahishize kugira Umwana w'I-
ridasanzwe ryatewe Bikira Mariya ! Noheli buca mana agire izina mu bantu abanje kwakirwa mu mu-
duhimbaza, ni ikimenyetso c'urukundo rw'Imana isi ryango wa Dawudi Yozefu umurezi wiwe akomoka-
yose yinovora kandi izoguma yinovora. Iryo teka si mwo.Yozefu rero mu kwemera kwiwe yagaragaje, ya-
irya Bikira Mariya gusa, ni iry'abantu bose. Noheli kiriye Umwana Yezu nk'ingabirano nyene. Kukaba
buca duhimbaza, n’Inkuru nziza kw'isi yose. Nico nkako, uyo mwana Yozefu atewe iteka ry'ukwakira mu
gituma na Paulo Mweranda agaruka muri rino ba-ruwa muryango wiwe kandi agaterwa iteka ryo kumwita izi-
twumvise yandikiye Abaromani kuri ico kinye-gezwa na, ni umwana w'umuhango. Imana rero iramukeneye
kidasanzwe ca Jambo yigize umuntu « Iyo Nku-ru nawe nyene mu kurangura umugambi wayo : ubwa-
nziza yerekeye Umwana wayo yavutse mu murya-ngo mbere kugira akingire Mariya ntibahave bamufata uko
wa Dawudi kubw'umubiri, hanyuma arimikwa aba atari ; ubwa kabiri kugira ahe izina uyo mwana mu mu-
Umwana w'Imana ku bubasha bwa Mutima Mweranda ryango wa Dawudi, n'ukuvuga amubere umuvyeyi
kubera izuka ryiwe mu bapfuye. Niwe Yezu Kristu imbere y'amategeko ! None witegeguriye guhimbaza
noheli gute? Erega haraho twibuka kwifuriza gusa bariyoroheje binjira mu mugambi w'Imana bakira Yezu
Noheli abandi, tukiyibagira mu kwirengagiza kwite- bamwiteguriye. Ese natwe botubera akarorero ntituro-
gura ku mutima. Haraho twishinga kwiruka muri vyi- ndere gushaza gusa ku mubiri ngo twibagire umutima
nshi tukibagira ikiruta ikindi. Yozefu na Mariya bompi wacu yifuza kuvukiramwo !
Mariya Mawe, n’ube ku musego w’abagwaye bo kw’isi yose : abariko baracikana, batakimenya
ubwenge ; abariko barasamba ngo bacikane, abatacizeye gukira, abari mu marira y’ububabare,
abadashobora kwivuza kubea ubukene. Mariya Mawe, guma impande y’abo bifuza gutambuka ariko
batakibishobora, abotegerejwe kugum baryamye ariko bihata ngo barondere icobabeshaho kuko ata
kundi bogira ; abaguma bagaragurikira ku gitanda kuko babuze uruhande boryamirako ngo baruhuke ;
abamara amajoro n’ayandi badashobora gutora agatiro. Mariya Mawe, remesha abaremerewe
n’imyitwarariko y’akaga imiryango yabo irimwo ; abategerezwa guheba imigambi yabo yabaye
impfagusa ; abihebuye, babona ko ataco bakibereyeho ; abagararije n’abatuka Imana ; abatazi ko Yezu
yababaye nkabo no kubwabo. Amen