Escolar Documentos
Profissional Documentos
Cultura Documentos
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 39/13
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima 29/9/2013 IDOMI IKA YA MIRO GO IBIRI A GATA DATU Umwaka- C
Muvyeyi mweranda wImana, waratubereye akarorero kukwemera, ukwizigira nurukundo. Warabangutse mu kurangura ishaka ryImana. i wewe tweza amaso muriki gihe kigoye. i wewe mizero yabagwaye nabagowe. Dufashe natwe ngo tugire igishika cubutumwa, turangwe nurukundo, tubangukire kuja aho hose Yezu ashaka kudutuma. udufashe kandi ngo mu kwezi kwirozari tugiye gutangura ntiduhengeshanye kukwambaza no kukwishikanako. utunyegeze mu mutamana wawe, uturongore udushikane kwa Yezu. Mugabekazi wa Ekleziya, dusabire.
INKURU NZIZA: Lk. 16, 19-31: Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa, ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Umunsi umwe, Yezu yabariye Abafarizayo uyu mugani, ati: Habaye umuntu w'umutunzi, yambara ibisayangana, ivyoroshe, yamana inzimano. Hakaba n'umworo yitwa Lazaro, yama aryamye kw'irembo ry'uno mutunzi, umubiri wari ibisebe. Yipfuza utuvunguka twimikate twakoroka tuva ku meza ya wa mukungu; mbere imbwa na zo zikaza kurigata ibisebe vyiwe. Hanyuma, wa mworo arapfa, abamalayika bamujana mu maboko ya Ibrahimu; wa mutunzi na we arapfa, arahambwa. Ari mu kuzimu, ariko arababara cane, ararangamira, abona kure Ibrahimu areze Lazaro. Ashira ijwi hejuru ati: Ibrahimu dawe wacu, ngirira ikigongwe. dungikira Lazaro, akoze isonga ry'urutoke mu mazi, ahoroshe ururimi rwanje, kuko ndiko ndicwa nabi nizi mbeya. Ibrahimu arishura ati: Mwananje, ibuka ko waronse itunga ukiri kw'isi, na we Lazaro akaronka amagorwa. Ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara. Vyongeye, hagati yawe natwe, hazokwama imanga nini, ibuza abino kuza hiyo, nabiyo kuz'ino. Wa mutunzi ati: dagusavye ho dawe, urungike Lazaro mu muryango wa data, kuko mfise abo tuvukana batanu; ababwire uko bimeze, ntibazohave bagwa na bo muri aya marushwa. Ibrahimu amwishura ati: Barafise Musa n'abahanuzi, ni babumvire. a we ati: Oya nyabuna, Ibrahimu dawe wacu, ariko uwuzutse abashikiriye niho bokwigaya. Ibrahimu ati: i batumviriza Musa n'abahanuzi, uwapfuye n'iyo yozuka ntibazokwemera.
kuba, ntibabone amakuba igihugu cImana kirimwo nkuko duhejeje kuvyumva, ati: Umuvinyu bawunywera mu bikombe vyagaciro yamara ntibabazwe nigihugu ca Israeli catabagaye . Mu vyukuri, aya majambo yariko arabwirwa abari barongoye igihugu cIsraeli mugihe cumuhanuzi Amosi, ni nko mukinjana cumunani imbere yivuka rya kirisu. Nkuko tubibona nubu riracafise akanovera, ivyo tuguma tubibona hose mbere naha iwacu. Nta numwe ayobewe canke ashobora kwiyobagiza ayo igihugu cacu kigowe, umwe wese ashobora guhera iwe aho abaye ariko kandi agategerezwa gutereza amaso no mu babanyi biwe. Amabi tubona canke twirirwa turumva ni menshi; turumva abicana, abapfa amatongo, abafata inzira za shetani nibindi vyinshi. Umwe wese arahamagariwe kumenya ko afise uruhara kugira ngo agarukane akanyamuneza aho atuye, ntawokwigira sindabibazwa. Nkuko rero tubibona kugira igihugu kimere uko kimeze ubu hariho abo bivako kandi baziko ataribo biremye ngo bishire
mu kibanza barimwo co gutunganiriza abandi. Umukama uno musi abasavye kwikebuka cane cane bakabona ko bahamagariwe kwitaho abo bajejwe, bareke kwironderera amaronko yabo gusa ahandi ho nkuko twavyumvise baragowe! Iryo jambo rirahambaye kandi riradukebura twese ati: Baragowe. ... oneho wa mugwi wabaryi uzimangane. Umwe wese Imana yamuhaye kurangura ishaka ryayo mu bantu, aho ari nivyo arimwo; gutyo Imana ihabwe icubahiro nininahazwa. Kubera iki benshi mu barongoye abandi bafata iyo nzira idashimishije yo gucinyiza abo bajejwe? Nta kindi baribagira ko ari abantu bImana, nivyo umutumwa Paulo yibukije uyu mukunzi wiwe Timote mu gisomwa ca kabiri aho avuga ati: dagusavye zigama amategeko yUmukama. Aho Paulo mweranda aratwibukije ko mbere iyo ariyo myifato yaranze kirisu dukurikira. Nkako nyene turi abakristu dutegerezwa kwama tumwigana. Uwa kristu avuga nka We, agakora nka We, agatambuka nka We. Mu nkuru nziza naho, uyu mugani uradufasha gusubira gutegera nyene izo mpanuro duhejeje kuzirikana. Imana yamye ari umucamanza wingingo arwanira kandi avugira abahahazwa nabatishoboye. Mu gihe uwo mukene we afise izina rya Lazaro (Elazar risigura Imana ifasha) ko imbere yImana afise agaciro, wa mutunzi we ntazina agira. Umwe wese muri twebwe yohava yisanga muri uwo mutunzi. None yacumuye iki? Yashize ukwizera kwiwe kwose muvyo atunze kumwe kwa bamwe twumva mu gisomwa ca mbere. Uno mukene we ntaco yari atunze vyose yabiharura ku Mana yo imufasha vyose nkuko izina ryiwe risigura. Yezu asa nutugabisha yongera agabisha abo banebagura abandi bitwaje ubutunzi bwabo bwo ngaha kwisi. Tukamenya ko uwuziko yikwije muri vyose abayiyugaye ku bwami bwijuru ..Uyu mutunzi yambara ibisayangana akamana inzimano mugabo kwirembo iwe hama umworo ruhebwa atagira ikirirenza. Kumererwa neza si bibi mbere no guhimbarwa si bibi none igicumuro gihagaze he? Nukwo kwigungirako nukwo kutitaho bantaho nikora. Raba ingene uyu mworo Lazaro yarameze. Mu mwaka 1980, I Blsil mu gisagara ca Sao polo Papa Yohani Paul II niwe yavuze ati: .iruhande yubururi bwimpunzi hari ibisagara, amagorofa numunezero iterambere ryibihe vya none risigaye ryerekana neza uyu mugani wumutunzi numworo Lazaro. Heza namwe murabe mwongere muzirikane iherezo
ryaba bantu babiri bamaze gupfa. Umwe mu nyenga yumuriro udahera, uwundi mwijuru hamwe naberanda nka Ibrahimu. Novuga nti biracuritse, wa mutunzi itegereze impera ni imperuka ya bwa butunzi bwiwe yakoresha nabi ubu ariko aripfuza ko Lazaro yokoza isonga ryururimi mu mazi ahoroshe ururimi rwiwe. Mugabo turabona ko bitagishoboka kuko hari imanga nini itandukanya Lazaro nuwo mutunzi. Raba kandi uyu mutunzi ariko arasabira abasigaye kwisi ngo Lazaro aje kubacira agace ngo bisubireko. Ibrahimu yaciye atanga inyishu: ni batumvira Musa nabahanuzi uwapfuye niyo yozuka ntibazokwemera . Ibidufasha kugira ngo twemere ntibibuze biruzuye. Uyu musi Musa nabahanuzi ni Ekleziya, nabo bamenyeshamana, nabo basaseredoti badasiba kuduhanura bakadushikiriza nivyiza vyImana, hariho amasakaramentu adutagatifuza, ntituze rero twitwaze ngo ntavyo twari tuzi ngo duhave twicuza tuti: iyo menya. Ntiturindire ibindi bimenyetso bisumba ibi tubona. Ibikenewe vyose biriho kugira ngo twame tugavye kandi twemere. Mugabo Umukama adusaba kutugara imitima yacu tureke nyabuna ijambo ryImana rishike no mu ntimatima yumutima wacu niho tuzokira. Yezu ntasiba kutugabisha ko no ku muhero wisi urubanza ntahandi ruzoshimikira atari kurukundo tuzoba tweretse bene wacu hamwe avuga ati: arinshonje ntimwangaburira . Bavukanyi, umugani ugana akariho umwe wese yihweze kandi yibaze. Ninde mutunzi? Ninde mworo? Muti ni naka jeho ndikeneye. Muragabe! Raba kwirembo iwawe, genda aho mu mubano urimwo urabe, ntaho ubona umubanyi yipfuza utuvunguka twokoroka tuva ku meza iwawe, raba ivyo yambaye, nta kigongwe ufise? Utagifise rero uri muri babandi twumvise bagowe. Abatunzi sibo bagowe, mugabo hagowe abatungira ku bisebe vyabandi. Umwe wese aburanye umutima wiwe imbere yImana. Hanyuma amaramare kuko niyo ntango yo guhindura inyifato yiwe. Nayo amaherezo twayumvise. None rero kuri uno musi twisabire kugira ngo dutegere neza ico tujejwe nuruhara dufise aho Imana yacu yadushize ngo turangure ineza yacu ni yabandi. Twisabire kandi kwama twiteguye kugira ngo ntituze duhereze aho uyu mutunzi yahereje. Ese Umukama yokwama atuboneshereza ngo twiteho abo bose batishoboye mu kubafasha no mu gusabikanya ivyo dufise kugira ngo abandi baronke ubuzima Amen . A. Paul RUCUMUHIMBA .
Igisabisho cacu ntigiherere mu majambo gusa; ni kive ku mutima. Ugusenga ni bwo buryo bwo
kuguma dushingiye ubuzima bwacu muri Yezu Kristu. Iyo dusenga, tugire umutima utekanye, wegeranye neza. Ntibibereye ko twomera nkicuma cafashe amajwi buguruye; ntibibereye ko tuvuga amajambo tutariko turazirikana, bica bitubana impfagusa. Mutima Mweranda avyagiye mu mitima yacu kubwibatisimu twaronse, yerekeza ubuzima bwacu ku Mana. Nico gituma kubwuyo Mutima Mweranda tuba mu mwidegemvyo wabana bImana. Ko ariwe asenga muri twebwe, arashoboza uwo wese yakomejwe canke yanaguwe muri we kwihingurira igisabisho gikora ku mutima wiwe, kikamumara inyota kikamara ninyota yabandi, maze akigumira mwishule ya Mutima Mweranda, ya Yezu na nyina wiwe. Dusabe Mutima Mweranda ngo adushoboze gutora akanya ko kuninahaza Imana no kuyitura ikiri ku mutima dukoresheje amajambo avuye ku mutima. Dusabe ngo Imana ihindure ubuzima bwacu kubwububasha bwigisabisho. Dusabe kandi ngo inema dukura mu gisabisho ituronse umutima wurukundo nimpuhwe, wo kwitaho abagowe nabaruhijwe mu buryo butandukanye. Kukaba nkako, ba Lazaro ni benshi aho duherereye. Ntitubirengagize, ahubwo tubarwaneko.
DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
29/9 D Idominika ya 26 C Amosi6,1a.4-7 Zab145,5-10 Ibrahimu dawe wacu, ngirira ikigongwe, ndungikira Lazaro akoze
Mikaeli, Gabrieli na Rafaeli 30/9 L Yeronimo 1 Tim6,11-16 Lk.16,19-31 Za 8,1-8 Zab101,16-23 Lk. 9,46-50 Izaya66,10-14 Rm.8,14,17 Zab130,1-3 Mt. 18,1-4 Ihunga 23,20-23 Zab 90,1-11 Mt. 18,1-5.10
isonga ryurutoke mu mazi, ahoroshe ururimi rwanje kuko ndiko nabi nizi mbeya. Umuntu wese yakiriza yompi aka kana kubwanje, nije aba yakirije yompi; nawe uwunyakirije yompi, aba yakirije yompi uwantumye. dababwiye nivyukuri : Mudahindutse ngo mube nkabana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bwijuru. Ufata neza ku bwanje akana nkaka, ni jewe aba afashe neza. Ariko utirimutsa kamwe ko muri utwo twana tunyemera, yogirwa nuko bomubohera urusyo kwizosi bakamucuranguriza mwibenga Inzu yose muzokwinjiramwo, ubwa mbere muvuge muti: Amahoro muri ehmiya 8,1-4a.5-6.8-12 Zab 18,8-11 Lk.10,1-12 iyi nzu. ihaba hari umuntu akwiye amahoro, amahoro yanyu azomujako Uwubumvira aba anyumviriye jewe nyene; nawe ubagaye aba agaye Baruki 1,15-22 Zab 78,1-9 Lk.10,13-16 jewe nyene; ungaya aba agaye uwantumye. Yamara rero, ntimukihaye, kuko imiyima yabagamburukiye; ni Baruki 4,5-29 Zab68,33-37 Lk. 10,17-24 munezerwe nyabuna nuko izina ryanyu ryanditswe mwijuru.
2/10 M Abamalayika
barinzi
Tuje mu makanda ya Tereza mweranda wUmwana Yezu. Ku musi wa kabiri tuzohimbaza umweranda Tereza wumwana Yezu, nkuko Ekleziya yabitegekanije imisi yose kwigenekerezo rya mbere ryukwezi kwa Gitugutu. Tereza wUmwana Yezu yavukiye mu muryango yaronkeyemwo indero rukristu, kuko abavyeyi biwe bari bashinze imizi mu bukristu. Yagize igisharara co kwiheberimana kuva akiri muto. Ivyo vyamutumye aja gusaba uruhusha rwo kwiheberimana ataranakwiza imyaka itegekanijwe. Yinjiye mu muryango wi Karmeli. Yaranzwe numutima wurukundo nubwitonzi ntangere. Mu mageregezwa yaronse, cane cane mu magara make yumubiri no mu ntambara yumutima, yagumanye ukwemera nukwizigira mu buryo bwakarorero. Yarabaye rurangiranwa mu nyigisho yatanze zijanye nuko umuntu wese yokwiyakira uko ari, akemera intege nke agenderamwo, akirekurira mu minwe ya Yezu kuko azi ko ico kigongwe kimwakiriza yompi; nka kurya umwana mutoya yirekurira mu minwe yumuvyeyi ataco yinona. Yari muto ariko Ekleziya yaramushize ku rutonde rwaberanda, rwabigisha bakuru muri Ekleziya, imugira umuvunyi wubutumwa bwo gukwiragiza hose inkuru nziza. Kukaba nkako, yari arajwe ishinga nuko Yezu Kristu amenyekana mu mpande zose zisi. Mu gihe co kwitaba Imana, yaravuze ngo: Mwijuru umwanya wose nzowumara ndiko nkora ineza kwisi. Icifuzo ciwe ntikiraheza kuranguka kuko kwisi haracariho abantu benshi bataramenya Yezu Kristu. Nico gituma twemera ko ico gishika yari afise akiri kwisi cabandanije iyo ari mwijuru. Arabandanya kutuba hafi no kuturonkera ivyiza vyinshi iyo tumucishijeko ibisabisho vyacu. Tuje mu makanda yiwe ngo tube abaremesha binkuru nziza ya Kristu kugira ngo amenyekane; tumusabe adushoboze kwifata ruto, gutera intambwe mu kwemera no mu kugendera urukundo nkuko nawe yabigira. Tereziya mweranda wumwana Yezu, dusabire. DUCISHEMWO DUTWE GE: Hari umugabo n'umurora mu kabare. Agarutse araramutsa, yumva hitavye gore bavyaye umwana umwe wumuhungu. Hanyuma inkumi. Yinjiye asanga ni wa mugore wiwe. Aca agira agenda kwiga mu bindi bihugu. Agarutse, asaishavu, nawe afata vya binini vyose abimirira rimwe, aca ahinduka uruyoya. Wa mugore ngo nga abavyeyi biwe barashaje. Niko kubabwira abibone ahitana isimbizo yahekesheje wa muati: Rindira nzobazanira ibinini bituma mwongera kuba bato. Abizanye ababwira ati: Muzohungu, aba ari yo ahekesha se wiwe. Wa muhufata mu gitondo bibiri, sasita bibiri no ku mugoroba ngu atashe yumva uruyoya rurira. Niko kubaza nyina ati: Wabaye inkumi, uca uvyara uyu munsi nyene? bibiri nyene. Nabo baremera. Hanyuma wa muhungu Nyina ati: Reka wa mwana we warakankoreye! Uru aca agenda gusuhuza abagenzi. Nyina wiwe aca afata ubona mpetse ni rwa so! vya binini nkuko yabwiwe. Se na we aca agenda guso-